Tegereza...
Aho uri:  Ikaze  >  Inkuru  >  Inkuru uriho

Imisi mikuru y’ama diporome irateye ubukene abavyeyi

Yanditwe na   /   August 16, 2012  /   Ntaco biravugwako

Muri kino gihe amashure makuru ariko aratanga amadiporome kubanyeshure bahejeje amashure yisumbuye, abavyeyi benshi baridoga ko abana babo babasaba amahera menshi yo kugura impuzu, ibifungurwa n’ibinyobwa vy’imisi mikuru.

Intumbero y’iyo misi mikuru ngo ni ukuryoherwa mukunezereza umwana aba yaronse iyo diporome hamwe n’ababanyi. BIZIMANA Jean Marie, umwe mu bavyeyi bagize bene iyo minsi mikuru y’ama diporome kur’uyu wa gatandatu igenekerezo rya 11 Myandagaro, avuga ko urubanza yagiriye abana biwe babiri rwamutwaye amafranga arenga ibihumbi amajana atanu ; ayo nayo ngo akaba arenze kure umushahara wiwe wo ku kwezi. Uwo muvyeyi ati « Nta kuntu ntari kubagirira umusi mukuru kubera bagenzi babo bari kubatwenga ». Abahinga muvyerekeye guhindura ingingo bavuga ko bene izo nsiguro zidafashe. Ku bwa Patiri NDABISERUYE Alphonse afasha mu kigo co guteza imbere ingo n’abantu muri diyoseze ya Bujumbura (ODDBU), amenyesha ko bishoboka ko abantu bahindura ingendo mu vyerekeye iminsi mikuru. Ku bwiwe, ubuzima bwarazimvye, abarundi barakenye, ari naco gituma abarundi bategerezwa kuvavanura n’ingeso zo kugira imisi mikuru idahuye n’uburyo bafise. Imiryango imw’imwe ihora isemerera ku maradiyo isaba ko leta yoshiraho ingingo zikuraho imisi mikuru imw’imwe, kugira baronke urwitwazo rwo kutayigira. Ivyo bikaba vyari vyarabaye mu myaka ya 80 ku ntwaro ya Jean Baptiste Bagaza, aho yafashe ingingo yo gukuraho imisi mikuru imw’imwe. Umukuru w’igihugu muri kino gihe akaba adasiba nawe nyene gusemerera asaba abarundi guhindura ingendo.

    Print       Email

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

*

You may use these HTML tags and attributes: <a href="" title=""> <abbr title=""> <acronym title=""> <b> <blockquote cite=""> <cite> <code> <del datetime=""> <em> <i> <q cite=""> <strike> <strong>